Melania Trump yabaye uwundi 'First Lady' w'Umurepubulikani ashigikiye gukoroza inda
Melania Trump yabaye uwundi 'First Lady' w'Umurepubulikani ashigikiye gukoroza inda
    Posted on 10/04/2024
Melania Trump yavuguruje umugabo wiwe, mu gushigikira icemezo co gukoroza inda

Umwanditsi, Ana Faguy & Holly Honderich

Igikorwa, BBC News, Washington

Haciye isaha 1

Bisa nk'aho Melania Trump yinjiye mu murongo muremure w'Abarepubulikani bahoze ari abatambukanyi b'abakuru b'igihugu (Premières Dames/First Ladies) bahagurutse bagashigikira uburenganzira bwo gukorora inda, ivyemezo bitandukanye n'ivyiyumviro vy'abagabo babo.

Muri videwo ntoya yamamaza igitabo yimirije gusohora ku buzima bwiwe, Melania Trump ashigikira "uburenganzira bwite" bw'abagore, aho avuga ko ari "uburenganzira shingiro abagore bose bavukana".

Hari haciye umusi umwe ikinyamakuru kimwe gisohoye agace kamwe k'ibiri muri iki gitabo, aho kivuga ko yoba afata icemezo mu buryo bweruye kuri ubu burenganzira bwo gukoroza inda.

Icemezo ca Melania Trump kuri iki kibazo kigaragara ko gitandukanye n'aho umugabo wiwe ahagaze, mu gihe yiyemeje ko azoshigikira ihindurwa ry'icemezo ca sentare kizwi nka Roe v Wade cahinduye uburenganzira butangwa n'ibwirizwashingiro bwo gukoroza inda.

Ariko ibi biri mu muco umaze imyaka mirongo w'Abarepubulikani bahoze ari abatambukanyi b'abakuru b'igihugu muri Amerika, aho - kuva icemezo ca Roe v Wade gifashwe ubwa mbere mu 1973 - babandanya bavuga ko uburenganzira bwo gukoroza inda butangwa n'amategeko kandi ko bwategerezwa gukingirwa.

Mu 1975, mu gihe yari akiri muri Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika), Betty Ford, umutambukanyi w'umukuru w'igihugu w'ico gihe, Gerald R. Ford, yavuze ko icemezo ca Roe ari "ingingo ikomeye cane".

Nancy Reagan yararindiriye gushika umugabo wiwe, Perezida Ronald Reagan, arangije ikiringo ciwe nk'umukuru w'igihugu kugira ngo avugire ku mugaragaro ko "yemera uburenganzira bw'umugore bwo kwihitiramwo", ariko bivugwa ko yari azwi aho ahagaze n'igihe yari akiri muri Maison Blanche.

Skip podcast promotion and continue reading

Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of podcast promotion

Barbara Bush, umugore wa Perezida George HW Bush, n'umukazana wiwe, Laura Bush, umugore wa Perezida George W Bush, bari co kimwe, aho bashize ahabona aho bahagaze kuri iki kibazo abagabo babo bamaze kurangiza amabanga yabo nk'abakuru b'igihugu.

Mu kiganiro n'umunyamakuru mu 2010 aho yavuga ku gitabo c'ubuzima bwiwe, Laura Bush yagize ati: "Ndibaza ko amategeko yobandanya abitangira uburenganzira, kubera nibaza ko ari nkenerwa ku bantu, ku mvo z'ubuvuzi no ku zindi mvo".

Biratandukanye n'ingene Melania Trump abibona.

Muri videwo yacishije ku rubuga rwa X ejo ku wa kane, Melania yavuze ko ata "vy'umwumvikano bikenewe iyo ari ikibazo kijanye n'ubu burenganzira shingiro abagore bose basanzwe bavukana: ubwigenge bwa buri muntu".

Abandanya agira ati: "None umubiri wanje, amahitamwo yanje koko bisigura iki"?

Iyi videwo ije haciye umusi umwe ikinyamakuru The Guardian gisohoye agace kamwe k'igitabo ciwe gishasha, Melania, bitegekanijwe ko gishirwa ahabona ku wa 8 Gitugutu (10).

Muri aka gace kasubiwemwo n'iki kinyamakuru, yandika ati: “Ni ngombwa ko abagore bagira ubwigenge bwo kwifatira icemezo mu bijanye no kuronka abana, bafatiye ku vyo bo bemera ubwabo, ata reta ivyinjiyemwo canke ngo itere igitsure.

“Kubera iki hoba uwundi muntu atari umugore we nyene ubwiwe yogira uburenganzira bw'ico akoza umubiri wiwe? Uburenganzira shingiro bwa buri mugore bwo kwishira n'ukwizana ku giti ciwe, ku buzima bwiwe, bumuha uburenganzira bwo guhagarika inda iyo abishatse.

“Kwaka umugore uburenganzira bwo kwihitiramwo guhagarika imbanyi atipfuza ni co kimwe no kumwaka uburenganzira ku mubiri wiwe.

"Aha niho namye mpagaze mu buzima bwanje bwose maze gukura".

Kate Andersen Brower, umunyamakuru yanditse igitabo First Women, avuga ko yaguye "mu gahundwe" yumvise ano majambo.

"Natangaye cane ku buryo nipfuje guhinyuza nimba koko ari vyo. Kuva kera yamye ari ku ruhande rw'umugabo wiwe, rero ntivyumvikana ingene kuri kino kibazo yamaze imyaka nk'iyi yose amureka agatesha agaciro ikintu cari kimuraje ishinga".

Ku rugero rusumba urwo abandi batambukanyi b'abakuru b'igihugu, umupfasoni Brower avuga ko amajambo ya Melania Trump "atandukanye cane rwose" n'ingene umugabo wiwe afata iki kibazo.

Kandi ni we mutambukanyi w'umukuru w'igihugu wa mbere gushika ubu yerekanye aho ahagaze ku kibazo co gukoroza inda mu gihe umugabo wiwe akiriko arondera ikiringo kigira kabiri.

Mu bisanzwe, uravye igihe Melania Trump ashikiririje ano majambo, birashoboka ko hoba hari intumbero ya poritike, nk'uko Brower abivuga.

Ati: "Ni ibintu bishoboka ko yoba yakoze iki kintu n'ibigirankana imbere y'amatora, kubera iki gishobora gushimisha za ntara mahindagu zitabona ryiza ivyo guhindura icemezo ca Roe v Wade.

"Kumbure zishobora gufata ibi nk'ikimenyetso ko [Trump] kumbure yoba ariko ariyorosha ku kibazo co gukoroza inda".

Ariko Umurepubulikani Rina Shah ajejwe imigambi wewe abibona ukundi.

Iciyumviro c'uko Melania Trump yoba ariko agerageza gufasha umugabo wiwe "ntikijanye na Melania tuzi", nk'uko abivuga.

Shah ati: "Kugeza ubu umukino ntaco uhindura, kandi arabizi. Amatora ya mbere yaramaze gutangura mu bice bimwe bimwe. Yaracerewe".

Uburenganzira bwo gukoroza inda ni ikibazo gikomeye mu matora ya 2024 yo mu kwezi kuza - kandi ni ikibazo kitorohereza umugambwe w'Abarepubulika utorohewe mu kurondera kuryosharyosha abagendera ku mico ya kera baterekwa uburenganzira bwo gukoroza inda, hamwe n'abatari bake mu batora bashigikiye uburenganzira bwo gukoroza inda.

Mu myiyamamazo yose yo mu 2024, Donald Trump yagiye ahindagura aho ahagaze kuri iki kibazo.
Comments( 0 )